1/27/2013. SOS Bujumbura! The Central Market gone in flames!
*ITANGAZO*. 2/5/2013.
Please watch the video below and see by yourself the day of doom and sadness, an unspeakable tragedy for the 3rd poorest country in the world, then think and help if you can.
We pledge that all the special donations for this tragedy will go directly to the victims in Bujumbura, Burundi as we did in the past for the Kirundo and Muyinga famine relief.
Barundi barundikazi mwese muba muri Amerika,
Benewacu twataye uruzogi hamwe, ubwa mbere tubanje kubaramutsa, amahoro abe mu ngo zanyu no mu banyu.
Inama Nkuru ya UBACA iri n'iteka ru gutumira Abarundi bose baba muri Amerika mu nama mbonekarimwe izoba biciye mu buhinga bwa kijambere, hakoreshejwe Telefone na Internet, ku wa gatandatu igenekerezo rya 16 ukwezi kwa kabiri 2013 (2/16/2013) isaha imwe (yo mu buseruko) zo ku kagoroba (7:00pm ET).
Nimba uri Umurundi canke umunyamerika womoka i Burundi, saba Numero ya Tel na code uzokoresha mu kwinjira mu nama. Andikira president@ubaca.org canke executivesec@ubaca.org canke utelefone kuri 502-762-8554, canke wiyandikishe kuri forum ya UBACA. www.ubaca.org
Turabasavye ko mwo kwiza ubu butumire ku barundi bose mwoba muzi iwanyu n'ahandi no mu mashirahamwe mu bisagara vyanyu. Iyi ni inama y'abarundi baba muri Amerika bose. N'aboba bataraba abanywanyi ba UBACA baratumiwe.
Murakoze, Imana ibahezagire.
Webmaster.
***************
Kubera ko dusangiye akahise kuva kw’itsitso, ko twonse rimwe, tubonye ko hakenewe kwitaho abandi, gukomeza akaranga kama n’ubumenyi,
Twebwe, abanyamuhari, twiyemeje kuja hamwe ngo dushinge iri shirahamwe rikwiye mu gihugu cose, ritarondera inyungu, kandi ritisunga politike twise URUNANI RW’ABARUNDI BANYAMERIKA MW’ISHIRAHAMWE KAMA, mu ncamake, UBACA.
UBACA ntaho ryimiriwe muri Amerika yose, ntiryegamira politike, imigambwe, amoko, amamuko, amadini canke ibindi. Intumbero ya UBACA ni ugutera imbere nk’umuzinga, ku neza y’Abarundi bose ba none n’abo hanyuma...
************
True to our common-rooted values of self-reliance and mutual support; acknowledging the common bond that grows deep from our roots; recognizing the necessity to foster, nurture, support and initiate charitable, cultural and educational activities; We, the Members, have come together and formed the United Burundian-American Community Association, Inc. (UBACA), a nationwide, non-political and not-for-profit Association.
The goal of the Association is to assist in achieving excellence for the betterment of lives of the Burundian community living in the US now and for generations to come...
***********************************************************
. Step by step, stone by stone, we will build a brighter future.